ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 18:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Maze ku musi ukurikira+, impwemu mbi y’Imana itangura gukorera kuri Sauli+, ku buryo yifata nk’umuhanuzi+ mu nzu, mu gihe Dawidi yariko avuza umuziki n’ukuboko kwiwe+, nko mu misi y’imbere y’aho; kandi icumu ryari mu kuboko kwa Sauli+.

  • 1 Samweli 19:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Nuko rero impwemu mbi ya Yehova+ iza kuri Sauli yicaye mu nzu yiwe, afise icumu mu kuboko, mu gihe Dawidi yariko avuza umuziki n’ukuboko kwiwe.

  • Yobu 34:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kuko umuntu yakuwe mw’ivu izomuhemba+ nk’uko akora,

      Kandi uko umunyuro w’umuntu umeze, ni na ko izotuma umugarukako.

  • Yobu 34:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Emwe, ni ukuri Imana ntikora ivy’ububisha+,

      Kandi Mushoboravyose ntagoreka urubanza+.

  • Abaroma 2:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kandi izokwishura umwe wese nk’uko ibikorwa vyiwe biri+:

  • Abaheburayo 3:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Mwiyubare, bene wacu, kugira ngo ntihigere hatsimbatara mu muntu n’umwe muri mwebwe umutima mubi utizera mu kuva kuri ya Mana nzima+;

  • Yakobo 1:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Iyo umuntu ari mu kigeragezo+, ntavuge ngo: “Ndiko ngeragezwa n’Imana.” Kuko Imana idashobora kugeragezwa n’ibintu bibi, eka na yo ubwayo nta we ibigerageresha.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika