1 Samweli 16:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Nuko impwemu ya Yehova iva+ kuri Sauli, maze impwemu mbi+ ivuye kuri Yehova imutera ubwoba. 1 Samweli 18:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Maze ku musi ukurikira+, impwemu mbi y’Imana itangura gukorera kuri Sauli+, ku buryo yifata nk’umuhanuzi+ mu nzu, mu gihe Dawidi yariko avuza umuziki n’ukuboko kwiwe+, nko mu misi y’imbere y’aho; kandi icumu ryari mu kuboko kwa Sauli+. Yobu 34:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Emwe, ni ukuri Imana ntikora ivy’ububisha+,Kandi Mushoboravyose ntagoreka urubanza+. Abaheburayo 3:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Mwiyubare, bene wacu, kugira ngo ntihigere hatsimbatara mu muntu n’umwe muri mwebwe umutima mubi utizera mu kuva kuri ya Mana nzima+;
10 Maze ku musi ukurikira+, impwemu mbi y’Imana itangura gukorera kuri Sauli+, ku buryo yifata nk’umuhanuzi+ mu nzu, mu gihe Dawidi yariko avuza umuziki n’ukuboko kwiwe+, nko mu misi y’imbere y’aho; kandi icumu ryari mu kuboko kwa Sauli+.
12 Mwiyubare, bene wacu, kugira ngo ntihigere hatsimbatara mu muntu n’umwe muri mwebwe umutima mubi utizera mu kuva kuri ya Mana nzima+;