ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 47:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Nzoryama hamwe na ba dawe+, nawe uze unkure mu Misiri umpambe mu mva yabo+.” Nuko rero avuga ati: “Jewe ubwanje nzogira nk’uko uvuze.”

  • Abacamanza 8:32
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 32 Amaherezo Gideyoni mwene Yowasi apfa yisaziye neza, ahambwa mw’itongo ryo guhambamwo rya Yowasi se wiwe, i Ofura h’Ababiyezeri+.

  • Abacamanza 16:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Mu nyuma bene wabo be n’urugo rwa se rwose baramanuka, baramuterura baramudugana, bamuhamba hagati ya Zora+ na Eshitayoli+, mw’itongo ryo guhambamwo rya Manowa+ se wiwe. Samusoni yari amaze imyaka mirongo ibiri acira imanza Isirayeli+.

  • 2 Samweli 17:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Nayo Ahitofeli, abona ko impanuro yiwe itari yakurikijwe+, maze ashira itandiko ku ndogobwa hanyuma arahaguruka, aja ku nzu yiwe mu gisagara ciwe+. Maze aha amategeko urugo rwiwe+ araheza ariniga+ maze arapfa+. Nuko ahambwa+ mw’itongo ryo guhambamwo rya ba sekuruza.

  • 2 Samweli 19:37
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 37 Ndakwinginze ureke jewe umusuku wawe nsubire inyuma, mpfire+ mu gisagara canje, hafi y’aho dawe na mawe bahambwe+. Mugabo ng’uyu umusuku wawe Kimuhamu+. Najabukane n’umukama wanje umwami; uze umugirire ico ubona ko ari ciza.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika