1 Samweli 28:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Naho Sauli yasiguza Yehova+, Yehova ntiyigera amwishura+, vyaba biciye mu ndoto+ canke kuri Urimu+ canke ku bahanuzi+. Yobu 27:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Mbega Imana izokwumva amaborogo yiweMu gihe amarushwa aje kuri we+? Imigani 1:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 Ico gihe bazoguma bampamagara, mugabo sinzokwitaba+; bazoguma bandondera, mugabo ntibazondonka+, Yesaya 1:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Iyo mugaranzuye ibiganza+, ndabahisha amaso yanje+. Naho mutura amasengesho menshi+, sinumviriza+; amaboko yanyu asigaye yuzuye ugusesa amaraso+. Ezekiyeli 20:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 “Mwana w’umuntu, vugana n’abahumure ba Isirayeli, ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mbega muzanywe no kunsiguza+? ‘Ndahiye ukubaho kwanje, sinzosiguzwa namwe+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”’ Mika 3:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ico gihe bazotabaza Yehova, mugabo ntazobishura+. Azobahisha mu maso hiwe ico gihe+, nk’uko na bo bagize nabi mu vyo bakoze+.
6 Naho Sauli yasiguza Yehova+, Yehova ntiyigera amwishura+, vyaba biciye mu ndoto+ canke kuri Urimu+ canke ku bahanuzi+.
15 Iyo mugaranzuye ibiganza+, ndabahisha amaso yanje+. Naho mutura amasengesho menshi+, sinumviriza+; amaboko yanyu asigaye yuzuye ugusesa amaraso+.
3 “Mwana w’umuntu, vugana n’abahumure ba Isirayeli, ubabwire uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mbega muzanywe no kunsiguza+? ‘Ndahiye ukubaho kwanje, sinzosiguzwa namwe+,’ ni ko Umukama Segaba Yehova avuze.”’
4 Ico gihe bazotabaza Yehova, mugabo ntazobishura+. Azobahisha mu maso hiwe ico gihe+, nk’uko na bo bagize nabi mu vyo bakoze+.