Yesaya 27:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nta bushangashirwe mfise+. Ni nde azompa ibisaka vy’amahwa+ n’ivyatsi bibi mu rugamba? Ivyo ni vyo nzohonyora. Ivyo ni vyo nzoshirako umuriro icarimwe+. Matayo 13:40 Bibiliya y’isi nshasha 40 Nk’uko rero ca catsi kibi cegeranijwe kigaturizwa umuriro, ni ko bizoba ku nsozero y’ivy’isi+. Yohani 15:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Iyo umuntu atagumye yunze ubumwe nanje, aratabwa hanze nk’ishami, akuma. Hanyuma abantu baregeranya ayo mashami, bakayaterera mu muriro, agasha+. Abaheburayo 6:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Mugabo iyo bumeze amahwa n’ibitovu, burahebwa, kandi buba buri hafi kuvumwa+; kandi buruhira guturirwa+.
4 Nta bushangashirwe mfise+. Ni nde azompa ibisaka vy’amahwa+ n’ivyatsi bibi mu rugamba? Ivyo ni vyo nzohonyora. Ivyo ni vyo nzoshirako umuriro icarimwe+.
6 Iyo umuntu atagumye yunze ubumwe nanje, aratabwa hanze nk’ishami, akuma. Hanyuma abantu baregeranya ayo mashami, bakayaterera mu muriro, agasha+.
8 Mugabo iyo bumeze amahwa n’ibitovu, burahebwa, kandi buba buri hafi kuvumwa+; kandi buruhira guturirwa+.