1 Samweli 3:18 Bibiliya y’isi nshasha 18 Samweli amwiganira rero nya majambo yose, ntiyamuhisha ikintu na kimwe. Eli aca avuga ati: “Ni Yehova. Nakore ivyo abona ko ari vyiza mu maso yiwe+.” 1 Samweli 14:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Yonatani abwira rero nya musuku, uwumutwaza ibirwanisho, ati: “Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’abo bagabo batagenyerewe+. Kumbure Yehova aragira ico akoze ku bwacu, kuko ata kibuza Yehova gukiza biciye kuri benshi canke kuri bakeyi+.” 2 Samweli 15:26 Bibiliya y’isi nshasha 26 Mugabo niyavuga ati: ‘Sinahimbawe nawe,’—ndi hano, angirire ivyo abona ko ari vyiza mu maso yiwe+.” Zaburi 37:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Nuragize Yehova inzira yawe+,Kandi umwizigire+, na we ubwiwe azogira ico akoze+. Zaburi 44:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 Tubikesheje wewe, tuzosunika abarwanizi bacu+;Mw’izina ryawe tuzohonyangira hasi abadukurira hasi+. Imigani 29:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Kujugumira imbere y’abantu ni vyo bitega umutego+, mugabo uwizigira Yehova azokingirwa+.
18 Samweli amwiganira rero nya majambo yose, ntiyamuhisha ikintu na kimwe. Eli aca avuga ati: “Ni Yehova. Nakore ivyo abona ko ari vyiza mu maso yiwe+.”
6 Yonatani abwira rero nya musuku, uwumutwaza ibirwanisho, ati: “Ingo tujabuke tuje ku kirindiro c’abo bagabo batagenyerewe+. Kumbure Yehova aragira ico akoze ku bwacu, kuko ata kibuza Yehova gukiza biciye kuri benshi canke kuri bakeyi+.”
26 Mugabo niyavuga ati: ‘Sinahimbawe nawe,’—ndi hano, angirire ivyo abona ko ari vyiza mu maso yiwe+.”
5 Tubikesheje wewe, tuzosunika abarwanizi bacu+;Mw’izina ryawe tuzohonyangira hasi abadukurira hasi+.