22 Yowabu aca agwa hasi yubamye, akubita inkoro hasi hanyuma ahezagira umwami+; maze Yowabu avuga ati: “Uno musi umusuku wawe aramenye koko yuko nagize ubutoni mu maso yawe+, ewe mukama wanje umwami, kuko umwami akoze yisunze ijambo ry’umusuku wiwe.”