ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Bobo banteje ishari imana y’imburakimazi+;

      Banteje akababaro ibigirwamana vyabo bitagira mvura+;

      Nanje nzobateza ishari abantu b’imburakimazi+;

      Nzobababaza nkoresheje ihanga ry’imburabwenge+.

  • 1 Samweli 12:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Ntimuze mukevye ngo mukurikire ibitabaho+ ata co bimaze+ kandi bitarokora, kubera yuko ari ibitabaho.

  • 2 Abami 17:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 babandanya guta ingingo nyobozi ziwe n’isezerano+ ryiwe yari yaragiranye na ba sekuruza babo n’ivyibutsa+ vyiwe yari yarakoresheje mu kubaburira, hanyuma batangura gukurikira ibigirwamana vy’imburakimazi+ maze ubwabo bacika imburakimazi+, egome, mu kwigana amahanga yari irya n’ino yabo, ayo Yehova yari yarabategetse ku biyerekeye ngo ntibaze bakore nka yo+.

  • Yesaya 41:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 Raba! Bose ni ikintu kitariho. Ibikorwa vyabo ni ubusa. Ibishusho vyabo vy’icuma gishongeshejwe ni umuyaga be n’ikintu kitabaho+.

  • Yeremiya 10:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Umuntu wese yarerekanye ko atiyumvira ku buryo atagira ubumenyi+. Uwukora ivy’ivyuma wese azomaramara ata gukeka kubera igishusho c’ikibazano+; kuko igishusho ciwe c’icuma gishongeshejwe ari ikinyoma+, nta mpwemu iri muri vyo+.

  • Ivyakozwe 14:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 bati: “Bagabo, kubera iki mugira ivyo? Na twebwe turi abantu+ bafise utunenge+ nkamwe, tukaba turiko tubamenyesha inkuru nziza, kugira ngo muhindukire muve muri ivyo bintu vy’imburakimazi+ muje ku Mana nzima+, iyakoze ijuru+ n’isi n’ikiyaga n’ibiri muri vyo vyose.

  • Abaroma 1:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 ubuninahazwa+ bwa ya Mana itabora babuhindura ikintu kimeze nk’ishusho+ y’umuntu abora n’iy’inyoni n’ibiremwa vy’amaguru ane n’ibikwega inda hasi+.

  • 1 Abakorinto 8:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nayo ku vy’ukurya+ ibifungurwa vyashikaniwe ibigirwamana, turazi ko ikigirwamana ari ubusa+ mw’isi, be n’uko ata yindi Mana iriho atari imwe+.

  • 1 Abakorinto 10:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 None mvuge iki? Yuko ivyashikaniwe ikigirwamana hari ico bimaze, canke ko ikigirwamana hari ico kimaze+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika