ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Abami 17:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Nya mubindi munini w’ifu ntiwahera, na nya gakarabo k’amavuta ntikagabanuka+, nk’uko ijambo rya Yehova ryari, iryo yari yavuze biciye kuri Eliya.

  • 1 Abami 17:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 Amaherezo Yehova yumviriza ijwi rya Eliya+, ubuzima bwa nya mwana buraheza bumugarukamwo, maze aba muzima+.

  • 1 Abami 18:36
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 36 Igihe+ co gutanga ishikanwa ry’intete kigeze, Eliya umuhanuzi aregera maze avuga ati: “Ewe Yehova, Mana ya Aburahamu+, Izahaki+ na Isirayeli+, uyu musi nibimenyekane yuko uri Imana muri Isirayeli+ be n’uko jewe ndi umusavyi wawe, kandi ko nakoze ibi bintu vyose bivuye kw’ijambo ryawe+.

  • 1 Abami 18:46
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 46 Ukuboko kwa Yehova kuba kuri Eliya+, ku buryo akenyera mu mafyinga+ maze yiruka imbere ya Ahabu gushika i Yezireyeli+.

  • 2 Abami 2:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Eliya rero atora impuzu y’ibango yiwe+, arayizinga hanyuma akubita amazi, maze buhorobuhoro amazi arigabura, amwe hino ayandi hirya, ku buryo uko ari babiri bajabuka baciye ku butaka bwumutse+.

  • 2 Abami 2:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Bakiriko baragenda, bakaba bagenda baravuga, erega, ehe umukogote w’intambara w’umuriro+ n’amafarasi y’umuriro, maze bitandukanya abo babiri; nuko Eliya aduga mu kirura c’umuyaga mu majuru+.

  • 2 Ngoma 21:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Amaherezo aronka urwandiko+ ruvuye kuri Eliya+ umuhanuzi, rugira ruti: “Ibi ni vyo Yehova Imana ya Dawidi sogokuruza wawe avuze: ‘Kubera ko utagendeye mu nzira za Yehoshafati+ so wawe canke mu nzira za Asa+ umwami wa Yuda,

  • Luka 1:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Vyongeye, azomuja imbere afise impwemu n’ububasha vya Eliya+ kugira agarukane imitima+ ya ba se ku bana, n’ibigaba abigarukane ku bukerebutsi ngirakamaro bw’abagororotsi, kugira atunganirize Yehova+ igisata giteguye+.”

  • Yohani 1:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Na bo bamubaza bati: “Ni gute none? Uri Eliya+?” Na we ati: “Sindi we.” “Uri wa Muhanuzi none+?” Na we arishura ati: “Oya!”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika