ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:39
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 39 Ubu rero nimubone ko jewe ubwanje ndi we+

      Kandi nta zindi mana turi kumwe+.

      Ndica, nkabeshaho+.

      Narakomerekeje cane+, kandi ni jewe nzokiza+,

      Kandi nta wushikura mu kuboko kwanje+.

  • 1 Samweli 2:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Yehova ni Uwica akaba n’Uwuzigama ubuzima+,

      Uwumanura mu kuzimu*+ akaba n’Uwukurayo+.

  • 2 Abami 4:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Amaherezo arurira hanyuma aryama kuri nya mwana+; ashira umunwa wiwe ku munwa wa nya mwana n’amaso yiwe ku maso ya nya mwana n’ibiganza vyiwe ku biganza vya nya mwana, aguma yubaraye kuri we; maze umubiri wa nya mwana buhorobuhoro urasusuruka.

  • 2 Abami 13:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Nuko bariko barahamba umuntu, baza babona akagwi k’abambuzi. Baca baterera uwo muntu mu mva ya Elisha baragenda. Uwo muntu akoze ku magufa ya Elisha, aca asubira kuba muzima+, arahagarara+.

  • Luka 7:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Maze wa muntu yari yapfuye aricara, atangura kuvuga, araheza amuha nyina+.

  • Luka 8:55
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 55 Hanyuma impwemu+ yiwe iragaruka, aca arahaguruka+ ako kanya nyene, aca ategeka ko bamuha ico arya+.

  • Yohani 5:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Ntimutangazwe n’ico, kuko isaha igira igere, aho abari mu mva*+ bose bazokwumva ijwi ryiwe

  • Yohani 11:44
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 44 Nya muntu yari yapfuye arasohoka, amaguru n’amaboko bizingiriyeko ibitambara+, mu maso hiwe na ho hazingiriye impuzu. Yezu ababwira ati: “Mutekurure mumureke agende.”

  • Ivyakozwe 9:41
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 41 Amuha ukuboko, aramuhagurutsa+, hanyuma ahamagara aberanda n’abapfakazi, amubashikiriza ari muzima+.

  • Ivyakozwe 20:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Mugabo Paulo aramanuka, amwitako+, aramubumbatira, avuga ati: “Nimureke kuvuza induru, kuko ubuzima bwiwe buri muri we+.”

  • Abaroma 14:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Kuko ico ari co Kristu yapfiriye akongera akabera muzima+, kugira ngo abe Umukama ku bapfuye+ n’abazima+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika