34 Amaherezo arurira hanyuma aryama kuri nya mwana+; ashira umunwa wiwe ku munwa wa nya mwana n’amaso yiwe ku maso ya nya mwana n’ibiganza vyiwe ku biganza vya nya mwana, aguma yubaraye kuri we; maze umubiri wa nya mwana buhorobuhoro urasusuruka.
21 Nuko bariko barahamba umuntu, baza babona akagwi k’abambuzi. Baca baterera uwo muntu mu mva ya Elisha baragenda. Uwo muntu akoze ku magufa ya Elisha, aca asubira kuba muzima+, arahagarara+.
44 Nya muntu yari yapfuye arasohoka, amaguru n’amaboko bizingiriyeko ibitambara+, mu maso hiwe na ho hazingiriye impuzu. Yezu ababwira ati: “Mutekurure mumureke agende.”