1 Samweli 16:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Mugabo Yehova abwira Samweli ati: “Nturabe uko asa n’uburebure bw’igihagararo ciwe+, kubera ko namwanse. Kuko Imana itabona nk’uko umuntu abona+, kubera ko umuntu buntu abona ibiboneka ku maso+, mugabo Yehova we, abona ico umutima+ uri.” 1 Ngoma 28:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 “Nawe Salomo mwananje, umenye+ Imana ya so kandi uyikorere+ n’umutima ukwiye+ be n’umutima uhimbawe+; kuko Yehova asesa imitima yose+ kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro+. Niwamurondera, azoreka umuronke+; mugabo niwamuheba+, azogushibura ibihe bidahera+. 2 Ngoma 6:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru, ahantu uba+, maze ubabarire+ kandi uhe umwumwe wese nk’uko inzira ziwe zose ziri+, kuko uzi umutima wiwe+ (kubera ko ari wewe wenyene uzi umutima w’abana b’abantu+); Yeremiya 17:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Jewe Yehova nsesa umutima+, ngasuzuma amafyigo+, egome, kugira ngo mpe umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri+, nk’uko ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe biri+. Ivyakozwe 1:24 Bibiliya y’isi nshasha 24 Maze barasenga bati: “Ewe Yehova, wewe uzi imitima ya bose+, erekana muri aba bantu babiri uwo watoye,
7 Mugabo Yehova abwira Samweli ati: “Nturabe uko asa n’uburebure bw’igihagararo ciwe+, kubera ko namwanse. Kuko Imana itabona nk’uko umuntu abona+, kubera ko umuntu buntu abona ibiboneka ku maso+, mugabo Yehova we, abona ico umutima+ uri.”
9 “Nawe Salomo mwananje, umenye+ Imana ya so kandi uyikorere+ n’umutima ukwiye+ be n’umutima uhimbawe+; kuko Yehova asesa imitima yose+ kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro+. Niwamurondera, azoreka umuronke+; mugabo niwamuheba+, azogushibura ibihe bidahera+.
30 wewe ubwawe uze wumve rero uri mu majuru, ahantu uba+, maze ubabarire+ kandi uhe umwumwe wese nk’uko inzira ziwe zose ziri+, kuko uzi umutima wiwe+ (kubera ko ari wewe wenyene uzi umutima w’abana b’abantu+);
10 Jewe Yehova nsesa umutima+, ngasuzuma amafyigo+, egome, kugira ngo mpe umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri+, nk’uko ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe biri+.
24 Maze barasenga bati: “Ewe Yehova, wewe uzi imitima ya bose+, erekana muri aba bantu babiri uwo watoye,