Gusubira mu vyagezwe 28:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 “Uzohezagirwa winjiye, uhezagirwe usohotse+. Zaburi 121:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Yehova ubwiwe azorinda amaja n’amaza yawe+Kuva ubu no gushika igihe kitagira urugero+. Imigani 5:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Kuko inzira z’umuntu ziri imbere y’amaso ya Yehova+, kandi aritegereza imihora yiwe yose+.