ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 12:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 mugabo ahantu Yehova Imana yanyu azotora mu miryāngo yanyu yose ngo ahashire izina ryiwe, atume ari ho riba, muzoharondera, kandi utegerezwa kuza ng’aho+.

  • 2 Samweli 7:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ni we azokwubakira inzu izina ryanje+, nanje ata gukeka nzoshimangira intebe y’ubwami bwiwe gushika igihe kitagira urugero+.

  • 1 Abami 8:29
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 29 kugira ngo ugumize amaso yawe+ kuri iyi nzu ijoro n’umurango, aha hantu wavuze ku biherekeye uti: ‘Izina ryanje rizoba ng’aho+,’ kugira wumvirize isengesho umusavyi wawe atura yerekeje aha hantu+.

  • 1 Abami 9:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Maze Yehova amubwira ati: “Numvise isengesho+ ryawe n’ugusaba ubutoni kwawe wasabishije ubutoni imbere yanje. Nejeje+ iyi nzu wubatse mu kuyishiramwo izina ryanje+ gushika igihe kitagira urugero; kandi ata gukeka amaso yanje+ n’umutima wanje bizokwama biri ng’aho+.

  • Zaburi 78:68
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 68 Mugabo atora umuryango wa Yuda+,

      Umusozi Siyoni, uwo yakunze+.

  • Zaburi 132:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Kuko Yehova yatoye Siyoni+;

      Yarayicambiwe ngo imubere aho kuba+, ati:

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika