Gusubira mu vyagezwe 12:5 Bibiliya y’isi nshasha 5 mugabo ahantu Yehova Imana yanyu azotora mu miryāngo yanyu yose ngo ahashire izina ryiwe, atume ari ho riba, muzoharondera, kandi utegerezwa kuza ng’aho+. 2 Samweli 7:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Ni we azokwubakira inzu izina ryanje+, nanje ata gukeka nzoshimangira intebe y’ubwami bwiwe gushika igihe kitagira urugero+. 1 Abami 8:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 kugira ngo ugumize amaso yawe+ kuri iyi nzu ijoro n’umurango, aha hantu wavuze ku biherekeye uti: ‘Izina ryanje rizoba ng’aho+,’ kugira wumvirize isengesho umusavyi wawe atura yerekeje aha hantu+. 1 Abami 9:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Maze Yehova amubwira ati: “Numvise isengesho+ ryawe n’ugusaba ubutoni kwawe wasabishije ubutoni imbere yanje. Nejeje+ iyi nzu wubatse mu kuyishiramwo izina ryanje+ gushika igihe kitagira urugero; kandi ata gukeka amaso yanje+ n’umutima wanje bizokwama biri ng’aho+. Zaburi 78:68 Bibiliya y’isi nshasha 68 Mugabo atora umuryango wa Yuda+,Umusozi Siyoni, uwo yakunze+. Zaburi 132:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Kuko Yehova yatoye Siyoni+;Yarayicambiwe ngo imubere aho kuba+, ati:
5 mugabo ahantu Yehova Imana yanyu azotora mu miryāngo yanyu yose ngo ahashire izina ryiwe, atume ari ho riba, muzoharondera, kandi utegerezwa kuza ng’aho+.
13 Ni we azokwubakira inzu izina ryanje+, nanje ata gukeka nzoshimangira intebe y’ubwami bwiwe gushika igihe kitagira urugero+.
29 kugira ngo ugumize amaso yawe+ kuri iyi nzu ijoro n’umurango, aha hantu wavuze ku biherekeye uti: ‘Izina ryanje rizoba ng’aho+,’ kugira wumvirize isengesho umusavyi wawe atura yerekeje aha hantu+.
3 Maze Yehova amubwira ati: “Numvise isengesho+ ryawe n’ugusaba ubutoni kwawe wasabishije ubutoni imbere yanje. Nejeje+ iyi nzu wubatse mu kuyishiramwo izina ryanje+ gushika igihe kitagira urugero; kandi ata gukeka amaso yanje+ n’umutima wanje bizokwama biri ng’aho+.