ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 2:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Gutyo baheba Yehova Imana ya ba se yari yarabakuye mu gihugu ca Misiri+, bakurikira izindi mana mu mana z’ibisata vy’abantu vyari irya n’ino yabo+, batangura kuzunamira, ku buryo bababaza Yehova+.

  • 2 Abami 22:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 kubera ko bampevye bakaja gufumbishiriza umwotsi w’ibimazi izindi mana+ kugira ngo bambabarishe igikorwa cose c’amaboko yabo+, kandi ubushangashirwe bwanje burarurumbiye aha hantu, ntibuzozima+.’”’

  • 1 Ngoma 28:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 “Nawe Salomo mwananje, umenye+ Imana ya so kandi uyikorere+ n’umutima ukwiye+ be n’umutima uhimbawe+; kuko Yehova asesa imitima yose+ kandi akamenya impengamiro yose y’ivyiyumviro+. Niwamurondera, azoreka umuronke+; mugabo niwamuheba+, azogushibura ibihe bidahera+.

  • Yeremiya 2:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 ‘kuko hari ibintu bibiri bibi abantu banje bakoze: Barampevye+, jewe sôko ry’amazi mazima+, kugira ngo biyimbire amatangi, amatangi yatobotse adashobora kubika amazi.’

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika