Abalewi 26:40 Bibiliya y’isi nshasha 40 Kandi ntibazobura kwatura ikosa ryabo+ n’ikosa rya ba se mu buhemu bwabo igihe bampemukako, egome, mbere igihe bagenda bandwanya+, 1 Abami 21:29 Bibiliya y’isi nshasha 29 “Mbega wabonye ukuntu Ahabu yicishije bugufi kubera jewe+? Ko yicishije bugufi kubera jewe, sinzozana ivyo vyago mu misi yiwe+. Mu misi y’umuhungu wiwe ni ho nzozana ivyo vyago ku nzu yiwe+.” Mika 6:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Yaraguhishuriye iciza ico ari co+, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane+ no gukunda ubuntu+ no kugendana n’Imana yawe+ wifashe ruto+? Yakobo 4:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Ariko ubuntu ata wari abukwiriye Imana itanga burahambaye kuruta+. Ni co gituma icanditswe kivuga giti: “Imana irwanya abibona+, mugabo iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.”
40 Kandi ntibazobura kwatura ikosa ryabo+ n’ikosa rya ba se mu buhemu bwabo igihe bampemukako, egome, mbere igihe bagenda bandwanya+,
29 “Mbega wabonye ukuntu Ahabu yicishije bugufi kubera jewe+? Ko yicishije bugufi kubera jewe, sinzozana ivyo vyago mu misi yiwe+. Mu misi y’umuhungu wiwe ni ho nzozana ivyo vyago ku nzu yiwe+.”
8 Yaraguhishuriye iciza ico ari co+, ewe muntu yakuwe mw’ivu! None hari ikindi Yehova agusaba atari ugukurikiza ubutungane+ no gukunda ubuntu+ no kugendana n’Imana yawe+ wifashe ruto+?
6 Ariko ubuntu ata wari abukwiriye Imana itanga burahambaye kuruta+. Ni co gituma icanditswe kivuga giti: “Imana irwanya abibona+, mugabo iha ubuntu ata wari abukwiriye abicisha bugufi+.”