ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 12:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Bwira ikoraniro ryose rya Isirayeli muti: ‘Ku musi ugira cumi w’uku kwezi baze bitorere umwe wese intama+ ku bw’inzu ya ba sekuruza, intama kuri buri nzu.

  • Kuvayo 12:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 “‘Kandi uyo musi uze ubabere icibutso, kandi mubwirizwa kuwuhimbaza bwa musi mukuru wa Yehova mu mayaruka yanyu yose. Mukwiye kuwuhimbaza bwa cagezwe gushika igihe kitagira urugero.

  • Abalewi 23:5
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 5 Mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na kane wa nya kwezi+, hagati ya ya migoroba ibiri, ni pasika*+ ya Yehova.

  • Guharura 9:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Ariko mu gihe nya muntu yoba yari uwudahumanye canke akaba atari ku rugendo maze agafata minenegwe ivyo gutegura ikimazi ca pasika, uwo muntu aze arandurwe mu bantu b’iwabo+, kuko atashikirije ishikanwa rya Yehova ku gihe cashinzwe caryo. Uwo muntu azokwishura igicumuro ciwe+.

  • Guharura 28:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 “‘Kandi mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na kane w’ukwo kwezi, hazoba ari pasika ya Yehova+.

  • Gusubira mu vyagezwe 16:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 “Ukwezi kwa Abibu+ nikwubahirizwe, kandi utegerezwa guhimbariza pasika* Yehova Imana yawe+, kuko mu kwezi kwa Abibu ari ho Yehova Imana yawe yagukuye mu Misiri mw’ijoro+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika