18 Ntihari bwigere hahimbazwa pasika mwene iyo muri Isirayeli kuva mu misi ya Samweli umuhanuzi+, eka kandi nta n’umwe mu bandi bami+ ba Isirayeli yari yarahimbaje pasika nk’iyahimbajwe na Yosiya n’abaherezi n’Abalewi na Yuda yose na Isirayeli bari ng’aho be n’ababa i Yeruzalemu.