Gusubira mu vyagezwe 18:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 canke uwuzirikisha abandi ubupfumu+ canke umuntu ahanuza uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu+ canke uwagize umwuga ukubura ibizoba+ canke umuntu asiguza abapfuye+. 2 Abami 21:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Acisha umuhungu wiwe mu muriro+, akora ivy’amageza+ yongera arondera ibimenyetso bitara ibizoba kandi ashiraho abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ be n’abagize umwuga ukubura ibizoba+. Akora ku rugero runini ivyari bibi mu maso ya Yehova, kugira ngo amubabaze. Yesaya 8:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Kandi nibababwira ngo: “Nimwiture abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ canke abafise impwemu y’ukubura ibizoba bajwigira+ bongera bavuga ibintu n’ijwi ritoyi,” mbega igisata ico ari co cose ntigikwiye kwitura Imana yaco+? Mbega abapfuye ni bo umuntu yokwitura ku bw’abazima+? Ivyakozwe 16:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Maze tugiye muri ca kibanza co gusengeramwo, umusukukazi umwe arimwo impwemu+, idayimoni* y’ukuragura+, aradusanganira. Yahora aronsa ba shebuja inyungu nyinshi+ mu kuragura.
11 canke uwuzirikisha abandi ubupfumu+ canke umuntu ahanuza uwuvugana n’ibiremwa vy’impwemu+ canke uwagize umwuga ukubura ibizoba+ canke umuntu asiguza abapfuye+.
6 Acisha umuhungu wiwe mu muriro+, akora ivy’amageza+ yongera arondera ibimenyetso bitara ibizoba kandi ashiraho abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ be n’abagize umwuga ukubura ibizoba+. Akora ku rugero runini ivyari bibi mu maso ya Yehova, kugira ngo amubabaze.
19 Kandi nibababwira ngo: “Nimwiture abavugana n’ibiremwa vy’impwemu+ canke abafise impwemu y’ukubura ibizoba bajwigira+ bongera bavuga ibintu n’ijwi ritoyi,” mbega igisata ico ari co cose ntigikwiye kwitura Imana yaco+? Mbega abapfuye ni bo umuntu yokwitura ku bw’abazima+?
16 Maze tugiye muri ca kibanza co gusengeramwo, umusukukazi umwe arimwo impwemu+, idayimoni* y’ukuragura+, aradusanganira. Yahora aronsa ba shebuja inyungu nyinshi+ mu kuragura.