25 Ibishusho bibajwe vy’imana zabo mukwiye kubiturira mu muriro+. Ntuze wipfuze ifeza n’inzahabu yo kuri vyo+, canke ngo uyitware+, ngo ntuhave ufatwa mu mutego na yo+; kuko ari ikintu giteye ishishi+ kuri Yehova Imana yawe.
18 Kandi imana zayo bazihaye umuriro, kuko zitari imana+, mugabo zari izahinguwe n’amaboko y’umuntu+, izahinguwe mu biti no mu mabuye; ku buryo baziranduye.