21 Aca amutumako intumwa ati: “Mpuriye kuki nawe ga yewe mwami wa Yuda? Si wewe nje kurwanya uno musi, mugabo nje kurwanya iyindi nzu, kandi Imana ubwayo yavuze ko nkwiye kuyitera uruhagarara. Nureke ku neza yawe kubera Imana, yo iri kumwe nanje, ntutume iguhonya+.”