13 Amaherezo Yehowasi aryama hamwe na ba sekuruza, hanyuma Yerobowamu+ yicara ku ntebe y’ubwami yiwe. Yehowasi na we ahambwa i Samariya hamwe n’abami ba Isirayeli+.
1Ijambo rya Yehova+ ryaje kuri Hoseya+ mwene Beyeri mu misi+ ya Uziya+, n’iya Yotamu+, n’iya Ahazi+, n’iya Hezekiya+, abami ba Yuda, no mu misi ya Yerobowamu+ mwene Yowasi+, umwami wa Isirayeli.
1Amajambo ya Amosi, uwari mu borozi b’intama b’i Tekowa+, ayo yeretswe ku vyerekeye Isirayeli+ mu misi ya Uziya+ umwami wa Yuda no mu misi ya Yerobowamu+ mwene Yowasi+, umwami wa Isirayeli, imyaka ibiri imbere y’uko haba ya nyamugigima+.