21 Nuko asubira inyuma areka kumukurikira maze afata amashūri abiri afatanijwe, ayatangako ikimazi+, hanyuma inyama z’ayo mashūri azitekesha ibikoresho+ vyayo vyo mu biti araheza aziha abantu, na bo batangura kurya. Inyuma y’ivyo arahaguruka hanyuma akurikira Eliya, atangura kumukorera+.