ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Guharura 5:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Amaze kumunywesha ayo mazi, ng’ibi ibizoba: nimba yarihumanije mu guhemukira umugabo wiwe+, nya mazi azana umuvumo azokwinjira rero muri we bwa kintu kirura, maze inda yiwe izovyimba, kandi itako ryiwe rizonyunyuka, kandi uwo mugore azocika umuvumo mu bantu b’iwabo+.

  • 2 Abami 9:26
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 26 ‘“Ejo narabonye koko amaraso+ ya Naboti n’amaraso y’abahungu biwe+,” ni ko Yehova avuze, “kandi wewe nzobikwishurira koko+ muri iki gice c’itongo,” ni ko Yehova avuze.’ Ubu rero, numuterure umuterere muri ico gice c’itongo, nk’uko ijambo rya Yehova riri+.”

  • Yobu 34:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kuko umuntu yakuwe mw’ivu izomuhemba+ nk’uko akora,

      Kandi uko umunyuro w’umuntu umeze, ni na ko izotuma umugarukako.

  • Imigani 1:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Bazorya rero ku vyamwa vy’inzira yabo+, kandi bazohimba inama zabo bwite+.

  • Yesaya 3:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Aragowe umubisha!—Ivyago bari kumwe; kuko ivyo amaboko yiwe yagiriye abandi ari vyo azogirirwa+!

  • Abagalatiya 6:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ntimuzimire+: Imana ntihemwa+. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika