ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 2 Abami 24:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Atwara mu bunyagano+ Yeruzalemu yose, n’abaganwa bose+, n’abagabo b’abanyenkomezi kandi b’intwari bose+​—⁠atwara mu bunyagano ibihumbi cumi⁠—​be n’umuhinguzi w’utugenegene+ wese, n’umwubatsi w’ibibambazi wese. Nta wasigaye kiretse abantu batobato+ bo mu banyagihugu.

  • 2 Ngoma 36:20
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 20 Vyongeye, abasigaye batishwe n’inkota abatwara i Babiloni ari imbohe+, baba abasuku biwe+ n’ab’abahungu biwe gushika ubwami bw’Ubuperesi+ butanguye kuganza;

  • Yeremiya 39:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Amasigarira y’abantu bari basigaye mu gisagara, n’abari bataye bakomoka bakishikana kuri we, n’amasigarira y’abantu bari basigaye, Nebuzaradani+ umukuru w’abacungera ubuzima+ abajana mu bunyagano i Babiloni+.

  • Yeremiya 52:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Nuko bamwe mu bantu batobato bo mu banyagihugu, n’amasigarira y’abantu bari basigaye mu gisagara+, n’abari bataye bakomokera ku mwami wa Babiloni, n’amasigarira y’abakozi b’abahanga, Nebuzaradani umukuru w’abacungera ubuzima abatwara mu bunyagano+.

  • Yeremiya 52:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 Aba ni bo bantu Nebukadirezari yatwaye mu bunyagano: mu mwaka ugira indwi, Abayuda ibihumbi bitatu na mirongo ibiri na batatu+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika