37 “‘Iyo ni yo misi mikuru y’ibiringo+ ya Yehova mukwiye gutangaza bwa mahwaniro meranda+, ku bwo gushikiriza ishikanwa rishikanishwa umuriro+ rihabwa Yehova: ishikanwa riturirwa+ be n’ishikanwa ry’intete+ ry’ikimazi n’amashikanwa y’ikinyobwa+ nk’uko urutonde rwa buri musi ruri,