8 Rwaca ruduga rwerekeza ku mubande wa mwene Hinomu+, rwerekeza ku mumanuko w’Umuyebusi+ mu bumanuko, ari ho Yeruzalemu+; nya rubibe rwaca ruduga rwerekeza kw’isonga ry’umusozi urabana n’umubande wa Hinomu mu burengero, uwuri ku mpera y’ikiyaya co hasi ca Refayimu+ mu buraruko.