ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abalewi 19:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Kavamahanga abanye namwe ari kavamahanga, kuri mwebwe aze acike nk’imvukira yanyu. Utegerezwa kumukunda nk’uko wikunda+, kuko mwacitse ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri+. Ndi Yehova Imana yanyu.

  • Abalewi 24:22
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 22 “‘Mukwiye kugengwa n’ingingo y’ubutungane imwe. Kavamahanga akwiye kuba cokimwe n’imvukira+, kuko ndi Yehova Imana yanyu+.’”

  • Rusi 1:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Rusi avuga ati: “Yaco unyinginga ngo nguhebe, ngo nsubire inyuma ndeke kujana nawe; kuko aho uzoja ari ho nzoja, kandi aho uzorara ni ho nzorara+. Abantu bawe bazoba abantu banje+, n’Imana yawe ibe Imana yanje+.

  • 1 Abami 8:43
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 43 wewe ubwawe uze wumvirize uri mu majuru, ahantu hashimangiye uba+, maze ukore wisunze ivyo uwo munyamahanga azoba aguhamagariye vyose+; kugira ngo ibisata vyo kw’isi vyose bimenye izina ryawe+ maze bigutinye nk’uko igisata cawe Isirayeli kigutinya, no kugira bimenye yuko izina ryawe ryambarijwe kuri iyi nzu nubatse+.

  • Esiteri 8:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Kandi mu ntara z’ubutware zitandukanye zose no mu bisagara bitandukanye vyose, ahantu hose ijambo ry’umwami n’itegeko ryiwe vyashika, haba umunezero n’umwigino ku Bayuda, inzimano+ n’umusi mwiza; kandi vyinshi mu bisata vy’abantu+ vy’ico gihugu vyariko vyiyita Abayuda+, kuko bari basigaye bafitiye ubwoba+ Abayuda.

  • Abagalatiya 5:3
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 3 Vyongeye, ndongeye gushingira intahe umuntu wese agenyerwa, yuko abwirizwa gushitsa Itegeko ryose+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika