7 Maze aba umurezi+ wa Hadasa, ari we Esiteri, umukobwa wa mwene wabo na se+, kuko atari afise se canke nyina; iyo nkumi yari nziza ku mubiri, igasa neza+, kandi igihe se na nyina bapfa, Morudekayi yaciye amutwara aba nk’umukobwa wiwe.
20 Esiteri ntiyahishura incuti ziwe be n’igisata ciwe+, nk’uko Morudekayi+ yari yaramutegetse+; kandi ico Morudekayi avuze Esiteri yaragikora, nk’uko yabigira igihe ari we yari amureze+.