Guharura 12:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Maze Yehova abwira Musa ati: “Hamwe se wiwe yomucira+ mu maso, ntiyoteterezwa imisi indwi? Nakumirwe+ imisi indwi inyuma y’ikambi+, mu nyuma abone kugaruka+.” Gusubira mu vyagezwe 25:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kuri ivyo nya mupfakazi aze amwegere mu maso y’abagabo b’inararibonye, amwambure inkweto* ku kirenge+ aheze amucire mu maso+, asubizeyo ati: ‘Ukwo ni ko umugabo yanse kwubaka urugo rwa mwene wabo azogirirwa+.’ Yesaya 50:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Umugongo wanje nawuhaye abankubita, amatama+ yanje na yo abashikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije ibintu bitetereza be n’igikororwa+. Matayo 27:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Nuko bamucirako+, bafata rya renga batangura kurimuhonda mu mutwe.
14 Maze Yehova abwira Musa ati: “Hamwe se wiwe yomucira+ mu maso, ntiyoteterezwa imisi indwi? Nakumirwe+ imisi indwi inyuma y’ikambi+, mu nyuma abone kugaruka+.”
9 Kuri ivyo nya mupfakazi aze amwegere mu maso y’abagabo b’inararibonye, amwambure inkweto* ku kirenge+ aheze amucire mu maso+, asubizeyo ati: ‘Ukwo ni ko umugabo yanse kwubaka urugo rwa mwene wabo azogirirwa+.’
6 Umugongo wanje nawuhaye abankubita, amatama+ yanje na yo abashikura ubwanwa. Mu maso hanje sinahahishije ibintu bitetereza be n’igikororwa+.