Gusubira mu vyagezwe 32:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Ca Gitandara, igikorwa ciwe ntikigira akanenge+,Kuko inzira ziwe zose ari ubutungane+.Ni Imana y’ubwizigirwa+, itagira akarenganyo+;Ni we agororotse kandi atunganye+. Zaburi 11:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Kuko Yehova agororotse+; arakunda ibikorwa bigororotse+;Abagororotsi ni bo bazokwitegereza mu maso hiwe+. Zaburi 139:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Nzoguhaya kuko ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba+.Ibikorwa vyawe ni agatangaza+,Kandi umutima wanje urabizi neza cane+. Zaburi 139:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo+,Kandi mu gitabu cawe ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe,Ku bijanye n’imisi vyabumbiweko+Kandi ata na kimwe muri vyo cari bwabeho. Daniyeli 9:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 “Kandi Yehova yagumye arikanuye ku bijanye n’ivyo vyago, arahava abituzanako+, kuko Yehova Imana yacu agororotse mu bikorwa vyiwe vyose yakoze; natwe ntitwagamburukiye ijwi ryiwe+. Ivyahishuwe 15:3 Bibiliya y’isi nshasha 3 Kandi bariko baririmba ururirimbo rwa Musa+ wa mushumba w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama+, bati: “Ibikorwa vyawe birakomeye kandi ni agatangaza+, Yehova Mana, Mushoboravyose+. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri+, Mwami w’ibihe bidahera+.
4 Ca Gitandara, igikorwa ciwe ntikigira akanenge+,Kuko inzira ziwe zose ari ubutungane+.Ni Imana y’ubwizigirwa+, itagira akarenganyo+;Ni we agororotse kandi atunganye+.
7 Kuko Yehova agororotse+; arakunda ibikorwa bigororotse+;Abagororotsi ni bo bazokwitegereza mu maso hiwe+.
14 Nzoguhaya kuko ndemwe mu buryo bw’agatangaza buteye ubwoba+.Ibikorwa vyawe ni agatangaza+,Kandi umutima wanje urabizi neza cane+.
16 Amaso yawe yarambonye nkiri inda y’agasamo+,Kandi mu gitabu cawe ibihimba vyanje vyose vyari vyanditswe,Ku bijanye n’imisi vyabumbiweko+Kandi ata na kimwe muri vyo cari bwabeho.
14 “Kandi Yehova yagumye arikanuye ku bijanye n’ivyo vyago, arahava abituzanako+, kuko Yehova Imana yacu agororotse mu bikorwa vyiwe vyose yakoze; natwe ntitwagamburukiye ijwi ryiwe+.
3 Kandi bariko baririmba ururirimbo rwa Musa+ wa mushumba w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama+, bati: “Ibikorwa vyawe birakomeye kandi ni agatangaza+, Yehova Mana, Mushoboravyose+. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri+, Mwami w’ibihe bidahera+.