3 “Vuga rero ubuhanuzi, uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Kubera ko, egome, kubera ko mwagizwe umusaka+, bakarondera kubasūmira n’umunwa impande zose+, kugira ngo mucike itongo ryegukira amasigarira y’amahanga+, bakabamiza mu kanwa+ kandi hakaba hari inkuru mbi mu bantu+,