15 Kuko ibi ari vyo Yehova Imana ya Isirayeli ambwiye: “Tora iki gikombe c’umuvinyu w’ubushangashirwe mu kuboko kwanje, maze ukinyweshe amahanga yose ngutumyeko+.
16 Uzokwuzura agateterwe aho kwuzura ubuninahazwa+. Nunywe nawe+, uheze ubonwe ko utagenyerewe+. Igikombe co mu kuryo kwa Yehova na wewe kizogushikira+, kandi agaterasoni kazoba ku buninahazwa bwawe;