ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • 1 Samweli 16:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Mugabo Yehova abwira Samweli ati: “Nturabe uko asa n’uburebure bw’igihagararo ciwe+, kubera ko namwanse. Kuko Imana itabona nk’uko umuntu abona+, kubera ko umuntu buntu abona ibiboneka ku maso+, mugabo Yehova we, abona ico umutima+ uri.”

  • Yobu 34:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kuko umuntu yakuwe mw’ivu izomuhemba+ nk’uko akora,

      Kandi uko umunyuro w’umuntu umeze, ni na ko izotuma umugarukako.

  • Imigani 24:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Hamwe wovuga uti: “Erega ntitwari tubizi+,” mbega umwe agera imitima ubwiwe ntazobibona+? Kandi, mbega umwe akwihweza ntazobimenya+ akishura koko umuntu yakuwe mw’ivu nk’uko igikorwa ciwe kiri+?

  • Yeremiya 32:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 wewe uhambaye mu mpanuro+ kandi ugwije ibikorwa+, wewe ugumiza amaso ku nzira zose z’abana b’abantu+, kugira ngo uhe umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri kandi nk’uko ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe biri+;

  • Ezekiyeli 7:27
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 27 Umwami ubwiwe azoja mu kigandaro+; mbere n’umukuru azokwambara umusaka+, kandi amaboko y’abanyagihugu azohungabana. Nzobagirira ibihuye n’inzira yabo+, ndabacire urubanza ruhwanye n’imanza bacirwa+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’”

  • Abaroma 2:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kandi izokwishura umwe wese nk’uko ibikorwa vyiwe biri+:

  • 2 Abakorinto 5:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kuko twese dutegerezwa kugaragarizwa imbere y’intebe y’imanza ya Kristu+, ngo umwe wese aronke ivyo akwiriye ku bw’ibintu yakoreye mu mubiri, nk’uko ivyo yagiye arakora biri, vyaba vyiza canke ivy’agahomerabunwa+.

  • Abagalatiya 6:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ntimuzimire+: Imana ntihemwa+. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura+;

  • Abakolosayi 3:25
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 25 Nta gukeka, uwukora ikibi azokwishurwa+ ikibi yakoze, kandi nta kugira nkunzi kubamwo+.

  • 2 Timoteyo 4:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Alegizandere+ wa mucuzi w’umuringa yarankoreye ibibi vyinshi—Yehova azobimwishura nk’uko ibikorwa vyiwe biri+—

  • 1 Petero 1:17
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 17 Ikigeretseko, nimba mwambaza Data wa wundi aca urubanza ata nkunzi+ nk’uko igikorwa c’umwe wese kiri, nimugendane ugutinya+ mu gihe muri ba kavamahanga+.

  • Ivyahishuwe 20:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 Mbona abapfuye, abahambaye n’abato+, bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami, maze imizingo irazingururwa. Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima+. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri+.

  • Ivyahishuwe 22:12
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 12 “‘Ehe ndaje ningoga+, kandi impembo+ ntanga nje ndayifise, kugira nishure umwe wese nisunze igikorwa ciwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika