1 Samweli 16:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Mugabo Yehova abwira Samweli ati: “Nturabe uko asa n’uburebure bw’igihagararo ciwe+, kubera ko namwanse. Kuko Imana itabona nk’uko umuntu abona+, kubera ko umuntu buntu abona ibiboneka ku maso+, mugabo Yehova we, abona ico umutima+ uri.” Yobu 34:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kuko umuntu yakuwe mw’ivu izomuhemba+ nk’uko akora,Kandi uko umunyuro w’umuntu umeze, ni na ko izotuma umugarukako. Imigani 24:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Hamwe wovuga uti: “Erega ntitwari tubizi+,” mbega umwe agera imitima ubwiwe ntazobibona+? Kandi, mbega umwe akwihweza ntazobimenya+ akishura koko umuntu yakuwe mw’ivu nk’uko igikorwa ciwe kiri+? Yeremiya 32:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 wewe uhambaye mu mpanuro+ kandi ugwije ibikorwa+, wewe ugumiza amaso ku nzira zose z’abana b’abantu+, kugira ngo uhe umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri kandi nk’uko ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe biri+; Ezekiyeli 7:27 Bibiliya y’isi nshasha 27 Umwami ubwiwe azoja mu kigandaro+; mbere n’umukuru azokwambara umusaka+, kandi amaboko y’abanyagihugu azohungabana. Nzobagirira ibihuye n’inzira yabo+, ndabacire urubanza ruhwanye n’imanza bacirwa+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’” Abaroma 2:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kandi izokwishura umwe wese nk’uko ibikorwa vyiwe biri+: 2 Abakorinto 5:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Kuko twese dutegerezwa kugaragarizwa imbere y’intebe y’imanza ya Kristu+, ngo umwe wese aronke ivyo akwiriye ku bw’ibintu yakoreye mu mubiri, nk’uko ivyo yagiye arakora biri, vyaba vyiza canke ivy’agahomerabunwa+. Abagalatiya 6:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Ntimuzimire+: Imana ntihemwa+. Kuko ico umuntu abiba cose ari co nyene azokwimbura+; Abakolosayi 3:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Nta gukeka, uwukora ikibi azokwishurwa+ ikibi yakoze, kandi nta kugira nkunzi kubamwo+. 2 Timoteyo 4:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Alegizandere+ wa mucuzi w’umuringa yarankoreye ibibi vyinshi—Yehova azobimwishura nk’uko ibikorwa vyiwe biri+— 1 Petero 1:17 Bibiliya y’isi nshasha 17 Ikigeretseko, nimba mwambaza Data wa wundi aca urubanza ata nkunzi+ nk’uko igikorwa c’umwe wese kiri, nimugendane ugutinya+ mu gihe muri ba kavamahanga+. Ivyahishuwe 20:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 Mbona abapfuye, abahambaye n’abato+, bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami, maze imizingo irazingururwa. Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima+. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri+. Ivyahishuwe 22:12 Bibiliya y’isi nshasha 12 “‘Ehe ndaje ningoga+, kandi impembo+ ntanga nje ndayifise, kugira nishure umwe wese nisunze igikorwa ciwe+.
7 Mugabo Yehova abwira Samweli ati: “Nturabe uko asa n’uburebure bw’igihagararo ciwe+, kubera ko namwanse. Kuko Imana itabona nk’uko umuntu abona+, kubera ko umuntu buntu abona ibiboneka ku maso+, mugabo Yehova we, abona ico umutima+ uri.”
11 Kuko umuntu yakuwe mw’ivu izomuhemba+ nk’uko akora,Kandi uko umunyuro w’umuntu umeze, ni na ko izotuma umugarukako.
12 Hamwe wovuga uti: “Erega ntitwari tubizi+,” mbega umwe agera imitima ubwiwe ntazobibona+? Kandi, mbega umwe akwihweza ntazobimenya+ akishura koko umuntu yakuwe mw’ivu nk’uko igikorwa ciwe kiri+?
19 wewe uhambaye mu mpanuro+ kandi ugwije ibikorwa+, wewe ugumiza amaso ku nzira zose z’abana b’abantu+, kugira ngo uhe umwe wese nk’uko inzira ziwe ziri kandi nk’uko ivyamwa vy’ibikorwa vyiwe biri+;
27 Umwami ubwiwe azoja mu kigandaro+; mbere n’umukuru azokwambara umusaka+, kandi amaboko y’abanyagihugu azohungabana. Nzobagirira ibihuye n’inzira yabo+, ndabacire urubanza ruhwanye n’imanza bacirwa+; kandi bazobwirizwa kumenya yuko jewe ndi Yehova+.’”
10 Kuko twese dutegerezwa kugaragarizwa imbere y’intebe y’imanza ya Kristu+, ngo umwe wese aronke ivyo akwiriye ku bw’ibintu yakoreye mu mubiri, nk’uko ivyo yagiye arakora biri, vyaba vyiza canke ivy’agahomerabunwa+.
14 Alegizandere+ wa mucuzi w’umuringa yarankoreye ibibi vyinshi—Yehova azobimwishura nk’uko ibikorwa vyiwe biri+—
17 Ikigeretseko, nimba mwambaza Data wa wundi aca urubanza ata nkunzi+ nk’uko igikorwa c’umwe wese kiri, nimugendane ugutinya+ mu gihe muri ba kavamahanga+.
12 Mbona abapfuye, abahambaye n’abato+, bahagaze imbere ya nya ntebe y’ubwami, maze imizingo irazingururwa. Mugabo uwundi muzingo urazingururwa; ni wo muzingo w’ubuzima+. Abapfuye bacirwa imanza hisunzwe ibintu vyanditswe muri nya mizingo nk’uko ibikorwa vyabo biri+.
12 “‘Ehe ndaje ningoga+, kandi impembo+ ntanga nje ndayifise, kugira nishure umwe wese nisunze igikorwa ciwe+.