Guharura 6:25 Bibiliya y’isi nshasha 25 Yehova atume mu maso hiwe hagukayanganirako+ yongere agutoneshe+. Zaburi 4:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Hari benshi bavuga ngo: “Ni nde azotwereka iciza?”Nuturasireko umuco wo mu maso hawe+, Yehova we! Zaburi 31:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Nutume mu maso hawe hakayanganira ku musavyi wawe+.Nunkize kubera ubuntu bwuzuye urukundo bwawe+. Zaburi 119:135 Bibiliya y’isi nshasha 135 Nutume mu maso hawe hakayanganira ku musavyi wawe+,Kandi unyigishe ingingo nyobozi zawe+. Imigani 16:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Mu muco wo mu maso h’umwami hari ubuzima+, kandi ubutoni bwiwe ni nk’igicu c’imvura y’impeshi+.