ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Gusubira mu vyagezwe 32:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje+.

      Igihe nicagera ikirenge cabo kizogenda kiradandabagirana+,

      Kuko umusi w’ivyago vyabo uri hafi+

      Kandi ibiteguriwe kubashikira biranyaragasa+.’

  • Yesaya 35:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nimubwire abari n’amaganya mu mutima+ muti: “Nimukomere+. Ntimutinye+. Raba! Imana yanyu izozanana ukwihora+, Imana izanane ugusubiriza mu nkoko+. Yo ubwayo izoza, ibakize+.”

  • Yeremiya 50:28
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 28 “Hari urwamo rw’abariko bahunga n’abariko banyaga amagara bavuye mu gihugu ca Babiloni+ kugira ngo bamenyeshe i Siyoni ukwihora kwa Yehova Imana yacu+, ukwihora kubera urusengero rwiwe+.

  • Nahumu 1:2
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 2 Yehova ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+ kandi yihora; Yehova arihora+ kandi arashangashirwa+. Yehova arihora abarwanizi biwe+, kandi agirira inzika abansi biwe+.

  • Abaroma 12:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Ntimwihore+, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake+; kuko vyanditswe ngo: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko, ni ko Yehova avuga+.”

  • 1 Abatesalonika 4:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 kugira ngo ntihagire n’umwe ashika aho agirira nabi mwene wabo kandi akarenga ku burenganzira bwiwe muri ivyo+, kuko Yehova ari we atanga igihano ku bw’ivyo bintu vyose+, nk’uko twabibabwiye imbere y’igihe tukanabishingira intahe inogangije kuri mwebwe+.

  • 2 Abatesalonika 1:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Kuko ari ibigororotse ku Mana kwishura amakuba abayabateza+,

  • Abaheburayo 10:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 Kuko tuzi uwavuze ati: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu ndumane+”; vyongeye ati: “Yehova azocira urubanza abantu biwe+.”

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika