Gusubira mu vyagezwe 32:35 Bibiliya y’isi nshasha 35 Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje+.Igihe nicagera ikirenge cabo kizogenda kiradandabagirana+,Kuko umusi w’ivyago vyabo uri hafi+Kandi ibiteguriwe kubashikira biranyaragasa+.’ Yesaya 35:4 Bibiliya y’isi nshasha 4 Nimubwire abari n’amaganya mu mutima+ muti: “Nimukomere+. Ntimutinye+. Raba! Imana yanyu izozanana ukwihora+, Imana izanane ugusubiriza mu nkoko+. Yo ubwayo izoza, ibakize+.” Yeremiya 50:28 Bibiliya y’isi nshasha 28 “Hari urwamo rw’abariko bahunga n’abariko banyaga amagara bavuye mu gihugu ca Babiloni+ kugira ngo bamenyeshe i Siyoni ukwihora kwa Yehova Imana yacu+, ukwihora kubera urusengero rwiwe+. Nahumu 1:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Yehova ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+ kandi yihora; Yehova arihora+ kandi arashangashirwa+. Yehova arihora abarwanizi biwe+, kandi agirira inzika abansi biwe+. Abaroma 12:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Ntimwihore+, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake+; kuko vyanditswe ngo: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko, ni ko Yehova avuga+.” 1 Abatesalonika 4:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 kugira ngo ntihagire n’umwe ashika aho agirira nabi mwene wabo kandi akarenga ku burenganzira bwiwe muri ivyo+, kuko Yehova ari we atanga igihano ku bw’ivyo bintu vyose+, nk’uko twabibabwiye imbere y’igihe tukanabishingira intahe inogangije kuri mwebwe+. 2 Abatesalonika 1:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kuko ari ibigororotse ku Mana kwishura amakuba abayabateza+, Abaheburayo 10:30 Bibiliya y’isi nshasha 30 Kuko tuzi uwavuze ati: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu ndumane+”; vyongeye ati: “Yehova azocira urubanza abantu biwe+.”
35 Uguhōra ni ukwanje, n’uguhemba ni ukwanje+.Igihe nicagera ikirenge cabo kizogenda kiradandabagirana+,Kuko umusi w’ivyago vyabo uri hafi+Kandi ibiteguriwe kubashikira biranyaragasa+.’
4 Nimubwire abari n’amaganya mu mutima+ muti: “Nimukomere+. Ntimutinye+. Raba! Imana yanyu izozanana ukwihora+, Imana izanane ugusubiriza mu nkoko+. Yo ubwayo izoza, ibakize+.”
28 “Hari urwamo rw’abariko bahunga n’abariko banyaga amagara bavuye mu gihugu ca Babiloni+ kugira ngo bamenyeshe i Siyoni ukwihora kwa Yehova Imana yacu+, ukwihora kubera urusengero rwiwe+.
2 Yehova ni Imana isaba kwiheberwa yonyene gusa+ kandi yihora; Yehova arihora+ kandi arashangashirwa+. Yehova arihora abarwanizi biwe+, kandi agirira inzika abansi biwe+.
19 Ntimwihore+, bakundwa, ahubwo muhe akaryo uburake+; kuko vyanditswe ngo: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu nkoko, ni ko Yehova avuga+.”
6 kugira ngo ntihagire n’umwe ashika aho agirira nabi mwene wabo kandi akarenga ku burenganzira bwiwe muri ivyo+, kuko Yehova ari we atanga igihano ku bw’ivyo bintu vyose+, nk’uko twabibabwiye imbere y’igihe tukanabishingira intahe inogangije kuri mwebwe+.
30 Kuko tuzi uwavuze ati: “Uguhōra ni ukwanje; ni jewe nzosubiriza umuntu mu ndumane+”; vyongeye ati: “Yehova azocira urubanza abantu biwe+.”