ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 24:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 4 Nuko Musa yandika amajambo ya Yehova yose+. Maze avyuka kare mu gitondo, yubaka ku ntango y’umusozi igicaniro be n’inkingi cumi na zibiri zihuye na ya miryango cumi n’ibiri ya Isirayeli+.

  • Guharura 12:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 Mvugana na we akanwa ku kandi+, nkamwereka ibintu, ntakoresheje ubupfindo+; kandi ishusho ya Yehova ni yo yitegereza+. Kubera iki none mutatinye kuvuga nabi umusavyi wanje, kuvuga nabi Musa+?”

  • Gusubira mu vyagezwe 34:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Mugabo ntiharigera hongera guhaguruka muri Isirayeli umuhanuzi ameze nka Musa+, uwo Yehova yari azi amaso mu yandi+,

  • Nehemiya 9:14
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 14 Wabamenyesheje isabato+ yawe nyeranda wongera ubategeka amabwirizwa n’ingingo nyobozi n’itegeko biciye kuri Musa umusavyi wawe+.

  • Ivyakozwe 7:35
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 Uyo Musa, uwo bihakanye bavuga ngo: ‘Ni nde yakugize umutware n’umucamanza+?’, uyo ni we Imana yatumye+ bwa mutware n’umurokozi biciye ku kuboko kw’umumarayika yamubonekeye muri ca gisaka c’amahwa.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika