ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Itanguriro 2:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Nuko Yehova Imana abumba umuntu mu mukungugu+ w’ubutaka+ araheza ahuhira mu mazuru yiwe impemu y’ubuzima+, maze nya muntu aba umuntu* muzima+.

  • Itanguriro 3:19
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 19 Uzorya umukate* ubize icuya mu maso gushika usubire mu butaka, kubera ari bwo wakuwemwo+. Kuko uri umukungugu, kandi umukungugu ni wo uzosubiramwo+.”

  • Itanguriro 8:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Yehova atangura kumotēra akamoto karuhura+, maze rero Yehova avuga mu mutima wiwe+ ati: “Sinzokwigera nongera guhamagarira akabi ku butaka+ kubera umuntu, kuko impengamiro+ y’umutima w’umuntu ari mbi guhera mu buto bwiwe+; kandi sinzokwigera nongera gukubita ikintu kizima cose nk’uko nagize+.

  • Yobu 10:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  9 Ndakwinginze wibuke ko wankoze mw’ibumba+

      Kandi ko mu mukungugu ari ho uzonsubiza+.

  • Umusiguzi 12:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Maze umukungugu usubira mw’ivu+ nk’uko wari, impwemu+ na yo igasubira ku Mana y’ukuri+ yayitanze+.

  • Yesaya 64:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 8 None rero, ewe Yehova, uri Data+. Twebwe turi ibumba+, nawe uri Umubumvyi wacu+; kandi twese turi igikorwa c’ukuboko kwawe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika