28“Nayo wewe, niwigize hafi yawe Aroni mwene wanyu n’abahungu biwe bari kumwe na we, ubakuye hagati muri bene Isirayeli, kugira ankorere bwa muherezi+: Aroni+ n’abahungu biwe, ari bo Nadabu na Abihu+, Eleyazari na Itamari+.
5 Kandi ibi ni vyo bizoba: umugabo nzotora+, inkoni yiwe izonaga, kandi nzohwamika ata gukeka imyidodombo+ ya bene Isirayeli imveko, iyo bariko babidodombera+.”
6 Samweli abandanya kubwira abantu ati: “Yehova ni icabona, we yakoresheje Musa na Aroni akaba ari na we yaduganye ba sogokuruza banyu abakuye mu gihugu ca Misiri+.