3 Batangura kugenda bavuye i Ramesesi+ mu kwezi kwa mbere, ku musi ugira cumi na gatanu w’ukwo kwezi kwa mbere+. Ku musi nyene ukurikira pasika+, bene Isirayeli barasohoka ukuboko gutaritse*, mu maso y’Abanyamisiri bose+.
17 Imana y’iki gisata Isirayeli yatoye ba sogokuruza bacu, kandi yashize hejuru nya gisata igihe bari babayeho ari ba kavamahanga mu gihugu ca Misiri hanyuma ibakuzayo ukuboko kubanguye+.