ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 14:21
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 21 Musa aca aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga+. Maze Yehova atangura gutuma ikiyaga gisubira inyuma akoresheje umuyaga ukomeye wo mu buseruko ijoro ryose, igicokwe c’ikiyaga agihindura isi yumutse+, amazi na yo arigabura+.

  • Yosuwa 2:10
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 10 Kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+, be n’ivyo mwakoreye ba bami babiri b’Abamori bari hakurya ya Yorodani, ari bo Sihoni+ na Ogi+, abo mwatikije+.

  • Nehemiya 9:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kandi wasatuye ikiyaga+ imbere yabo, ku buryo bajabuka baciye hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+; maze abariko barabakurikira ubaraririza ibwina+ nk’ibuye+ mu mazi akomeye+.

  • Zaburi 66:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Ikiyaga yagihinduye isi yumutse+;

      Bajabutse n’amaguru baciye mu ruzi+.

      Ng’aho, dutangura kunezerwa mu Mana+.

  • Zaburi 78:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Yasatuye ikiyaga ngo itume barengana+,

      Yongera ituma amazi ahagarara nk’urugomero+.

  • Zaburi 136:13
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 13 Umwe yatanya ikiyaga Gitukura+:

      Kuko ubuntu bwuzuye urukundo bwiwe ari ubwo gushika igihe kitagira urugero+;

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika