Kuvayo 32:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Musa aca atangura gutakambira* Yehova Imana yiwe+, ati: “Kubera iki ga Yehova, ishavu ryawe+ ryokwirirwa rirarurumbira abantu bawe wakuye mu gihugu ca Misiri ku bubasha buhambaye no ku kiganza gikomeye? Gusubira mu vyagezwe 9:19 Bibiliya y’isi nshasha 19 Kuko nari nagize ubwoba kubera ishavu rirurumba Yehova yari yabashavuriye gushika aho agomba kubazimanganya+. Ariko Yehova yaranyumvirije n’ico gihe+. Yakobo 5:16 Bibiliya y’isi nshasha 16 Mwaturiranire+ ibicumuro rero ata guhishanya kandi musengeranire, kugira ngo mukire+. Ugutakamba kw’umugororotsi, igihe gukora, kugira inguvu nyinshi+.
11 Musa aca atangura gutakambira* Yehova Imana yiwe+, ati: “Kubera iki ga Yehova, ishavu ryawe+ ryokwirirwa rirarurumbira abantu bawe wakuye mu gihugu ca Misiri ku bubasha buhambaye no ku kiganza gikomeye?
19 Kuko nari nagize ubwoba kubera ishavu rirurumba Yehova yari yabashavuriye gushika aho agomba kubazimanganya+. Ariko Yehova yaranyumvirije n’ico gihe+.
16 Mwaturiranire+ ibicumuro rero ata guhishanya kandi musengeranire, kugira ngo mukire+. Ugutakamba kw’umugororotsi, igihe gukora, kugira inguvu nyinshi+.