ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 34:16
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 16 Ntuzobura rero gutora bamwe mu bakobwa babo ukabashingira ku bahungu bawe+, kandi abakobwa babo ntibazobura gushurashurana n’imana zabo, bagatuma abahungu bawe bashurashurana n’imana zabo+.

  • Abalewi 17:7
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 7 Ntibakwiye rero kwongera gushikanira ibimazi vyabo ya madayimoni* asa n’impene+, ayo bashurashurana+. Ico kizobabera icagezwe gushika igihe kitagira urugero, mu mayaruka yanyu yose.”’

  • Guharura 15:39
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 39 ‘Kaze kababere umubari w’ubuyonga, namwe muzokabona maze mwibuke amabwirizwa+ ya Yehova yose hanyuma muyashitse, kandi ntimuze mukurikire imitima yanyu n’amaso yanyu+, ivyo muriko murakurikira mu bushurashuzi+.

  • Yeremiya 3:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Ubumaraya bwiwe bwatumwe n’uko adafatana ibintu uburemere, kandi yagumye ahumanya igihugu+ yongera asambana n’amabuye be n’ibiti+;

  • Ezekiyeli 20:30
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 30 “Bwira rero inzu ya Isirayeli uti: ‘Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze: “Mbega ntimuriko mwihumanishiriza mu nzira ya ba sogokuruza banyu+, mugakurikira ibintu vyabo bisesemye ngo mushurashure na vyo+?

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika