5 Abagendesha nya meri baratinya maze batangura gutabaza, umwe wese atabaza imana yiwe+. Baguma bashiburira mu kiyaga ibintu vyari mu meri, kugira bayiremurure ivyo bintu+. Mugabo Yona yari yamanutse epfo mu gice co hasi ca nya meri ifise idari, araryama, arasinzira ubutikoma+.