Kuvayo 6:7 Bibiliya y’isi nshasha 7 Kandi ata gukeka nzobazana kuri jewe mube abantu banje+, nanje nzobabera Imana koko+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu ariko arabakura munsi y’imizigo ya Misiri+. Kuvayo 19:6 Bibiliya y’isi nshasha 6 Kandi ubwanyu muzombera ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda+.’ Ayo ni yo majambo ubwirizwa kubwira bene Isirayeli.” Kuvayo 25:8 Bibiliya y’isi nshasha 8 Kandi bategerezwa kunyubakira aheranda, kuko ntegerezwa gucumbika hagati muri bo+. Kuvayo 29:45 Bibiliya y’isi nshasha 45 Nzocumbika hagati ya bene Isirayeli, mbe Imana yabo+. Gusubira mu vyagezwe 27:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Maze Musa n’abaherezi, Abalewi, babwira Isirayeli yose bati: “Cereza wumvirize, ewe Isirayeli. Uyu musi ucitse igisata ca Yehova Imana yawe+. Gusubira mu vyagezwe 32:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Kuko umuturi wa Yehova ari abantu biwe+;Yakobo ni we mugabane atorana+.
7 Kandi ata gukeka nzobazana kuri jewe mube abantu banje+, nanje nzobabera Imana koko+; kandi muzomenya vy’ukuri yuko jewe ndi Yehova Imana yanyu ariko arabakura munsi y’imizigo ya Misiri+.
6 Kandi ubwanyu muzombera ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda+.’ Ayo ni yo majambo ubwirizwa kubwira bene Isirayeli.”
9 Maze Musa n’abaherezi, Abalewi, babwira Isirayeli yose bati: “Cereza wumvirize, ewe Isirayeli. Uyu musi ucitse igisata ca Yehova Imana yawe+.