ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Kuvayo 19:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Umusozi Sinayi ufumba umwotsi hose+, bitumwe n’uko Yehova yari yamanutse kuri wo mu muriro+. Kandi umwotsi wawo waguma uduga nk’umwotsi w’itanure+, kandi umusozi wose wariko urajugumira cane+.

  • Kuvayo 20:18
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 18 Ico gihe abantu bose bariko babona imituragaro n’ukurabagiza kw’imiravyo, n’ijwi ry’inzamba, n’umusozi ufumba umwotsi. Abantu ngo babibone, batangura kudegedwa, bahagarara nka hariya+.

  • Abacamanza 5:4
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  4 Yehova, igihe wava i Seyiri+,

      Igihe wagenda uvuye mu karere ka Edomu+,

      Isi yātigise+, amajuru na yo aratonyanga+,

      Ibicu na vyo nyene bitonyanga amazi.

  • Zaburi 29:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  6 Atuma yikina amatavu nk’inyana+,

      Libani na Siriyoni+ nk’abana b’amashūri y’amanyeshamba.

  • Zaburi 68:8
    Bibiliya y’isi nshasha
    •  8 Isi yaratigise+,

      Ijuru na ryo riratonyanga kubera Imana+;

      Iyi Sinayi yaratigise kubera Imana+, ya Mana ya Isirayeli+.

  • Yeremiya 4:24
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 24 Nararavye imisozi, nsanga iriko iratigita, imirambi na yo iriko iranyiganyizwa yose+.

  • Habakuki 3:6
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 6 Yarahagaze kugira anyiganyize isi+. Yararāvye, asimbasimbisha amahanga+.

      Imisozi y’ibihe bidahera yaramenaguritse+; imirambi yamaho igihe kitagira urugero yarunamye+. Izo ni zo nzira ziwe za kera.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika