Yesaya 26:2 Bibiliya y’isi nshasha 2 Nimwugurure amarembo+ yemwe, ihanga rigororotse rigumya ingendo y’ubwizigirwa ryinjire+. Matayo 7:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 mugabo irembo ryaga be n’inzira ipfunganye ni vyo bijana mu buzima, kandi bake ni bo bayitora+. Ivyahishuwe 22:14 Bibiliya y’isi nshasha 14 Hahiriwe abamesura amakanzu yabo+, kugira baronke uburenganzira bwo kuja kuri vya biti vy’ubuzima+, no kugira bashobore kwinjira muri ca gisagara baciye mu marembo yaco+.
14 Hahiriwe abamesura amakanzu yabo+, kugira baronke uburenganzira bwo kuja kuri vya biti vy’ubuzima+, no kugira bashobore kwinjira muri ca gisagara baciye mu marembo yaco+.