9 Kuko ehe raba ibuye+ nshize imbere ya Yosuwa! Kuri iryo buye rimwe hariko amaso indwi+. Ehe ngira ndarisarureko udusaruro twaryo+,’ ni ko Yehova nyen’ingabo avuze, ‘kandi nzokuraho ikosa ry’ico gihugu mu musi umwe+.’
2 Kuko ivuga iti: “Mu gihe c’ukwemerwa narakwumvise, kandi ku musi w’ubukiriro naragutabaye+.” Ehe! Ubu ni co gihe canecane c’ukwemerwa+. Ehe! Ubu ni wo musi w’ubukiriro+.