Abacamanza 6:31 Bibiliya y’isi nshasha 31 Yowasi+ aca abwira abari bahagaze bahanganye na we+ bose ati: “Mbega ni mwebwe muburanira Bayali kugira murabe ko mwoyikiza? Uwuyiburanira wese abwirizwa kwicwa muri iki gitondo nyene+. Nimba ari Imana+, niyiburanire+, kuko hari uwasituriye hasi igicaniro cayo.” 1 Samweli 24:15 Bibiliya y’isi nshasha 15 Yehova nabe umucamanza, aducire urubanza twe nawe; azobiraba yifatire urubanza rwanje mu minwe+ maze ancire urubanza kugira ankize ukuboko kwawe.” Zaburi 35:1 Bibiliya y’isi nshasha 35 Niwifatire mu minwe urubanza rwanje, ewe Yehova, urwo mburana n’abandwanya+;Nurwanye abandwanya+. Zaburi 43:1 Bibiliya y’isi nshasha 43 Ncira urubanza+, Mana we,Wifatire mu minwe urubanza mburana+ n’ihanga ritari intahemuka.Nunkize umuntu w’ubuhendanyi n’ukutagororoka+. Imigani 22:23 Bibiliya y’isi nshasha 23 Kuko Yehova ubwiwe azoburana urubanza rwabo+, kandi ababambura ntazobura kubambura ubuzima+. Imigani 23:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kuko Umucunguzi wabo akomeye; ubwiwe azoburana nawe urubanza rwabo+. Yeremiya 50:34 Bibiliya y’isi nshasha 34 Umucunguzi wabo arakomeye+, Yehova nyen’ingabo ni ryo zina ryiwe+. Emwe, azokwifatira mu minwe urubanza rwabo+, kugira ahe akaruhuko igihugu+ yongere ateze uruhagarara ababa i Babiloni+.” Gucura intimba 3:59 Bibiliya y’isi nshasha 59 Ewe Yehova, warabonye inabi nagiriwe+. Enda nuhagarikire urubanza rwanje+. Mika 7:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Nzokwihanganira ubushangashirwe bwa Yehova—kuko namucumuyeko+—gushika yifatiye mu minwe urubanza rwanje, akantunganiriza koko+. Azonsohokana anjane ku muco; nzokwitegereza ubugororotsi bwiwe+.
31 Yowasi+ aca abwira abari bahagaze bahanganye na we+ bose ati: “Mbega ni mwebwe muburanira Bayali kugira murabe ko mwoyikiza? Uwuyiburanira wese abwirizwa kwicwa muri iki gitondo nyene+. Nimba ari Imana+, niyiburanire+, kuko hari uwasituriye hasi igicaniro cayo.”
15 Yehova nabe umucamanza, aducire urubanza twe nawe; azobiraba yifatire urubanza rwanje mu minwe+ maze ancire urubanza kugira ankize ukuboko kwawe.”
43 Ncira urubanza+, Mana we,Wifatire mu minwe urubanza mburana+ n’ihanga ritari intahemuka.Nunkize umuntu w’ubuhendanyi n’ukutagororoka+.
34 Umucunguzi wabo arakomeye+, Yehova nyen’ingabo ni ryo zina ryiwe+. Emwe, azokwifatira mu minwe urubanza rwabo+, kugira ahe akaruhuko igihugu+ yongere ateze uruhagarara ababa i Babiloni+.”
9 Nzokwihanganira ubushangashirwe bwa Yehova—kuko namucumuyeko+—gushika yifatiye mu minwe urubanza rwanje, akantunganiriza koko+. Azonsohokana anjane ku muco; nzokwitegereza ubugororotsi bwiwe+.