ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Abacamanza 6:31
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 31 Yowasi+ aca abwira abari bahagaze bahanganye na we+ bose ati: “Mbega ni mwebwe muburanira Bayali kugira murabe ko mwoyikiza? Uwuyiburanira wese abwirizwa kwicwa muri iki gitondo nyene+. Nimba ari Imana+, niyiburanire+, kuko hari uwasituriye hasi igicaniro cayo.”

  • 1 Samweli 24:15
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 15 Yehova nabe umucamanza, aducire urubanza twe nawe; azobiraba yifatire urubanza rwanje mu minwe+ maze ancire urubanza kugira ankize ukuboko kwawe.”

  • Zaburi 35:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 35 Niwifatire mu minwe urubanza rwanje, ewe Yehova, urwo mburana n’abandwanya+;

      Nurwanye abandwanya+.

  • Zaburi 43:1
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 43 Ncira urubanza+, Mana we,

      Wifatire mu minwe urubanza mburana+ n’ihanga ritari intahemuka.

      Nunkize umuntu w’ubuhendanyi n’ukutagororoka+.

  • Imigani 22:23
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 23 Kuko Yehova ubwiwe azoburana urubanza rwabo+, kandi ababambura ntazobura kubambura ubuzima+.

  • Imigani 23:11
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 11 Kuko Umucunguzi wabo akomeye; ubwiwe azoburana nawe urubanza rwabo+.

  • Yeremiya 50:34
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 34 Umucunguzi wabo arakomeye+, Yehova nyen’ingabo ni ryo zina ryiwe+. Emwe, azokwifatira mu minwe urubanza rwabo+, kugira ahe akaruhuko igihugu+ yongere ateze uruhagarara ababa i Babiloni+.”

  • Gucura intimba 3:59
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 59 Ewe Yehova, warabonye inabi nagiriwe+. Enda nuhagarikire urubanza rwanje+.

  • Mika 7:9
    Bibiliya y’isi nshasha
    • 9 Nzokwihanganira ubushangashirwe bwa Yehova—kuko namucumuyeko+—gushika yifatiye mu minwe urubanza rwanje, akantunganiriza koko+. Azonsohokana anjane ku muco; nzokwitegereza ubugororotsi bwiwe+.

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika