Kuvayo 14:21 Bibiliya y’isi nshasha 21 Musa aca aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga+. Maze Yehova atangura gutuma ikiyaga gisubira inyuma akoresheje umuyaga ukomeye wo mu buseruko ijoro ryose, igicokwe c’ikiyaga agihindura isi yumutse+, amazi na yo arigabura+. Yosuwa 2:10 Bibiliya y’isi nshasha 10 Kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+, be n’ivyo mwakoreye ba bami babiri b’Abamori bari hakurya ya Yorodani, ari bo Sihoni+ na Ogi+, abo mwatikije+. Nehemiya 9:11 Bibiliya y’isi nshasha 11 Kandi wasatuye ikiyaga+ imbere yabo, ku buryo bajabuka baciye hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+; maze abariko barabakurikira ubaraririza ibwina+ nk’ibuye+ mu mazi akomeye+. Zaburi 78:13 Bibiliya y’isi nshasha 13 Yasatuye ikiyaga ngo itume barengana+,Yongera ituma amazi ahagarara nk’urugomero+. Zaburi 106:9 Bibiliya y’isi nshasha 9 Nuko ahambarira ikiyaga Gitukura, kirakama+;Abacisha mu nyenga y’amazi nko mu gahinga+;
21 Musa aca aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga+. Maze Yehova atangura gutuma ikiyaga gisubira inyuma akoresheje umuyaga ukomeye wo mu buseruko ijoro ryose, igicokwe c’ikiyaga agihindura isi yumutse+, amazi na yo arigabura+.
10 Kuko twumvise ukuntu Yehova yakamije amazi y’ikiyaga Gitukura imbere yanyu igihe mwava mu Misiri+, be n’ivyo mwakoreye ba bami babiri b’Abamori bari hakurya ya Yorodani, ari bo Sihoni+ na Ogi+, abo mwatikije+.
11 Kandi wasatuye ikiyaga+ imbere yabo, ku buryo bajabuka baciye hagati mu kiyaga kw’isi yumutse+; maze abariko barabakurikira ubaraririza ibwina+ nk’ibuye+ mu mazi akomeye+.