8 Maze umwami agaruka mu nzu y’inzimano y’umuvinyu+ avuye mu busitani bw’ikirimba; kandi Hamani yari yaguye ku buriri+ Esiteri yariko. Umwami aca avuga ati: “Mbega n’umwamikazi agira ashurashuzwe ku nguvu turi kumwe mu nzu?” Ijambo rikiva mu kanwa k’umwami+, baca bapfuka Hamani mu maso.